Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 6:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubgami bgiwe bga mbere bgagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n’i Kalune, mu gihugu c’i Shinari.


Bukeye Toyu umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yanesheje ingabo zose za Hadadezeri,


Uko ni ko Salomo yagize imisi mikuru ico gihe, hamwe n’Abisirayeli bose, bār’ ikoraniro rinini bavuye mu gihugu cose, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku mugezi wa Egiputa; bamara imisi ndwi, baraheza basubira iyindi ndwi, yose na yose iba icumi n’ine, bar’ imbere y’Uhoraho Imana yacu.


Maz’ umwami w’i Ashuri yimura abantu i Babuloni n’i Kuta n’i Ava n’i Hamati n’i Sefaravayimu, abinjiza mu bisagara vy’i Samariya, mu gishingo c’Abisirayeli; nuko baraza bashikīra i Samariya, baba mu bisagara vyaho.


Abāvuye i Babuloni bigirira ikigirwamana citwa Sukoti‐benoti, abāvuye i Kuta bigirira Nerugali, ab’i Hamati bigirira Ashima,


Ngo Mbeg’ imana z’i Hamati n’izo muri Arupadi ziri hehe? Imana z’i Sefaravayimu n’iz’ i Hena n’iz’ i Iva ziri hehe? Ngo Mbega zarakijije Samariya ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?


Mut’ Umwami w’i Hamati ari hehe’ cank’ umwami w’i Arupadi, n’umwami w’umurwa w’i Sefaravayimu, n’uw’ i Hena n’uw’ i Iva?


Bukeye aragenda atera Abafilisitiya, asangangura uruzitiro rw’i Gati n’urw’ i Yabune n’urw’ i Ashidodi; yubaka ibisagara mu ntāra y’i Ashidodi n’ahandi mu gihugu c’Abafilisitiya nyene.


Ivy’ i Damasiko. I Hamati haratēterewe, bo n’i Arupadi; kuko humvise inkuru mbi, harashonga: ku kiyaga hahagaritse umutima, ntihashobora gutēkāna.


Mbega har’ ico urusha No‐Amona, hāba hagati y’inzūzi, amazi akahubakira nk’urugo, kand’ ikiyaga kikahahindukira uruzitiro?


Akirikw arayāga na bo, wa muhizi w’Umufilisitiya w’i Gati yitwa Goliyati asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya, atangura kwiyamāmura nk’ uko yahora. Dawidi aravyumva.


Bukeye mu nsago z’Abafilisitiya havamw’ umuhizi yitwa Goliyati w’i Gati; uburebure bgiwe bgar’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambge rimwe ry’intoke.


Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!


Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ