Araheza aravuga, at’ Ugurura idirisha ryerekeye i burasirazuba; bararyugurura. Maze Elisa aramubarira, ati Rasa; nukw ararasa. Elisa aravuga, ati N’umwampi w’Uhoraho w’intsinzi, ni wo mwampi wo kunesha i Siriya; kukw ari wewe uzorwanira n’Abasiriya muri Afeka gushitsa ah’ uzobaherengetereza.