Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Umwe yaremye inyenyeri zitwa Kilimiya na Oriyoni abe ari we mubaza; ni we ahindura igitūtu c’urupfu kigacika agatondo, n’umurango akawuhindura umwiza w’ijoro; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 5:8
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iserura ibitamenyekana vyo mu mwiza, Kand’ igitūtu c’urupfu igishira ahabona.


Ni yo ibirungika, ari bga nkoni ihanisha igihugu cayo, Cank’ ar’ uguhesha umugisha.


Woshobora gushira ijwi hejuru ngo rishikīre ibicu, Kugira ngw amazi y’isegenya akwitabe?


Irema inyenyeri zitwa Arukuturo na Oriyoni na Kilimiya, N’ibirēre vy’i bumanuko.


Uzana umwiza, hakaba ijoro: Ni ho ibikōko vyose vyo mu kibira bisokoroka bisōbōka.


Arungika umwiza, burakorana, Na bo ntibārenga amajambo yiwe.


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


Dukabakaba ku nzu nk’impumyi, ni koko dukabakaba nk’abatagira amaso; ku murango w’amashōka dutsitara nko mu kajoro; mu bagikomeye tumeze nk’abapfuye.


Kubg’ ivyo nzobatahuza, iri rimwe gusa nzobatahuza inganji yanje n’ubushobozi bganje; kandi bazomenya izina ryanje ko nd’ Uhoraho.


rit’ Uhoraho abikora, Uhoraho abirema akabikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, uku ni kw agize,


Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


Maze kur’ uwo musi, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzorengesha izuba mu mashōka, nzane ubgirakabiri kw isi hakiri ku murango.


kandi ni we yiyubakira ingoro mw ijuru, agahetera ijuru ryiwe kw isi; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga akayasuka kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe.


Abantu bāri bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.


Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ