Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 5:7
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.


Amanyama y’abanyakibi azobavumbura, Kuko banse gukora ibiroranye.


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Bazobona ibara, abashinga ivyagezwe bitabereye, n’abanditsi bandika ibigoramye;


Ni munyumve, yemwe ab’ imitima ikomantaye, abari kure y’ukugororoka:


Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umuco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura!


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


Arik’ umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, akīgāna ibizira vyose umunyakibi akora, mbega yobaho? Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa: ubuhemu bgiwe yagize, n’ivyaha vyiwe yakoze, ni vyo azopfa azize.


Ikindi, umugororotsi ni yahindukira akareka ubugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, nanje ngashira igitsitaza imbere yiwe, azopfa: kuk’ utāmubūriye, azopfira mu caha ciwe; kand’ ibikorwa vyiwe bigororotse yakoze ntazobiharūrwako, arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako.


Umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, azopfa ari vyo azize.


Bavuga amagambo atagira ikimazi, bakarahira ibinyoma mu gusezerana amasezerano; ni co gituma amateka azobaduka nk’uk’ ururamba rubaduka mu busīze bgo mu ndimiro.


Kandi nzohahenebereza ūhaganza, ndamwicane n’abaganwa baho bose, ni k’Uhoraho agize.


Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka na mba: kuk’ umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Muri mwebge ntihaze hagire ūkūra umutima k’Uhoraho Imana yacu, ngw aje gusaba imana z’ayo mahanga, ar’ umugabo cank’ umugore cank’ inzu cank’ umuryango; kugira ngo muri mwebge hoye kuba umuzi uzana ibamba n’umururazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ