Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosūmira inzu ya Yosefu nk’ umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 5:6
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko jewe umusavyi wawe ndazi ko nacumuye; ni co gitumye uyu musi mbaye uw’intangamarāra mu muryango wa Yosefu wose kumanuka kugusanganira, mwami wanje nyen’ ingoma.


Kandi Yerobowamu uwo yar’ umuntu w’umuhinga; nuko Salomo abonye uwo musore kw ar’ umukozi w’umunyamwete, amugira umukoresha w’ibikebere vyose vy’abo mu muryango wa Yosefu.


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.


Kuk’ Uhoraho yumva abakene, Ntakēngēra imbohe ziwe.


Umuriro ni waccroka, ugafata uruzitiro rw’amahwa, ukarandagata, hagasha imikama y’ ingano, cank’ izigihagaze, cank’ umurima wose, uwacanye uwo muriro ntaz’ abure kubiriha.


Umunyenkomezi azohinduka nk’ibisūsūrwa, n’igikorwa ciwe nk’ isase ry’umuriro; vyompi bizohīra hamwe, kandi nta wuzobizimya.


Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


Yeremiya aramwishura, ati Ntibazobaguha. Ndakwinginze, wumvire Uhoraho mur’ ivyo nkubariye: ni ho uzomererwa neza, ukikiza.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


ico gihugu ukibarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: ngw Ehe nzohigūra namwe, kandi ngira nsokōre inkota yanje mu rwubati rwayo, ndirike abagororotsi n’abanyakibi muri wewe.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nābīre inkoni ya Yosefu, iri mu kuboko kwa Efurayimu, n’ imiryango y’Abisirayeli bīherereje kuri we; maze mbungikanye n’ inkoni ya Yuda, mbagire inkoni imwe, ngo babe umwe mu kuboko kwanje.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Ivyiza abe ari vyo mushishikara, ariko s’ibibi, kugira ngo mubone kubaho: ni ho Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azobana namwe, nk’uko mwavyibgira.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, at’ Abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho:


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ umuriro utōngōra, ar’ Imana ifūha.


Baze bakigaburemw’ imigabane ndwi; Abayuda bazoguma mu mugabane wabo i bumanuko, n’aba Yosefu bagume mu wabo i burārūko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ