aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.
Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, akir’ umwana, yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi; maze mu mwaka ugira icumi na kabiri atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero;