Kuk’ ubgoko bganyu, yemwe Bisirayeli, naho bungana n’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira yo kuri bgo ni yo azogaruka gusa; kugeseza kwarashinzwe, kuzoza gusendanishije ukugororoka.
Kandi nk’uk’ Uhoraho vyamuhimbara kubagirira neza no kubagwiza, ni ko bizomuhimbara kubahonnya no kubatikiza; muzorandurwa mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.