Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Inkumi, ari yo Bisirayeli, iguye bukumbi; ntizokwongera kuvyuka ukundi! Irambaraye ngaho mu gihugu c’i wabo, kandi nta wo kuyivyura ariho!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 5:2
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


Nuko bata amabgirizwa yose y’Uhoraho Imana yabo, bīronkera ibishushanyo bibiri vy’ amamasa bavugutiye mu nkero, bakīronderera Ashera, bagasenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, bagasaba Bayali,


Ni mwitegure gutōtōra abana biwe kubg’ ukugabitanya kwa ba sekuruza; boye kuvyuka ngo bakevye isi, buzuze isi yose ibisagara.


Isi izodandabagirana nk’imborerwa, izonyiganyizwa irya n’ino nk’umutara; igicumuro cayo kizoyiremēra, kand’ izotemba, ntiyongere kuvyuka ukundi.


I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.


Ut’ Iri ni ryo jambo Uhoraho yamuvuzeko, at’ Umukobga w’inkumi w’i Siyoni aragukēngereye, agutwengeye mw ijigo; umukobga w’i Yerusalemu akuzungurije umutwe.


agashikimura imikogote n’amafarasi, ingabo n’abahizi; birambaraye hamwe, ntibizovyuka ukundi; biradegeye, birazimye nk’ urutambi:


Ubabgire rer’ iri jambo, ut’ Amaso yanje acunduguta amosozi ku murango no mw ijoro adahengeshanya; kuk’ umukobga w’inkumi, ari we bgoko bgacu, avunitse, ari n’imvune nini, ari n’uruguma rubi rwose.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, at’ Enda ni mubaze mu mahanga ko hoba har’ uwumvise ibimeze birtyo; inkumi, ni yo Bisirayeli, yakoze ibibi vy’ubuyobe.


ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.


Nzosubira kukwubaka, nawe uzoba wubakitse, ewe nkumi, ni yo Bgisirayeli: uzosubira gushazisha udushako twawe tw’ingoma, usohoke uvyinane n’abanezerewe.


Habūwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi; kukw igihugu cose kinyazwe, amahema yanje anyazwe giturumbuka, mber’ ayo nashinze anyazwe mu kanya isase.


Umunyabgibone azotsitara atembe, ntihagire ūmuvyutsa: kandi nzokwanda umuriro ibisagara vyiwe, uzotongora abamukikije bose.


kand’ uz’ uvuge, ut’ Uku ni ko Babuloni hazodobera, ntihasubire kwiburuka ukundi, kubg’ ivyago Uhoraho azohatēza: kandi bazoba badendebukiwe. Amajambo ya Yeremiya agarukiye aho.


Kand’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho abaza, ati Mbeg’ abantu iyo batemvye ntibasubira kuvyuka? Cank’ umuntu iy’ ahuvye inzira ntasubira kugaruka?


Kuk’ urupfu rwūriye rugaca mu madirisha yacu, rukinjira n’i bukuru bgacu; rukaririka abana bari hanze, n’abasore bari mu mayira.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Nokubarira iki? Nokugereranya n’iki, ga mukobga Yerusalemu we? Noguhwanya n’iki kugira ngo nguhūmurize ga nkumi Siyoni we? Kuk’ uruguma rwawe ari runini nk’ikiyaga: ni nde yoshobora kukuvūra?


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ