18 Muzobona ibara, yemwe abifuza umusi w’Uhoraho! Mbeg’ uwo musi w’Uhoraho muwugombera iki? Erega n’umwiza s’umuco!
Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.
Nuk’ ūhunga induru y’ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw ingomero zo mw ijuru zigomorowe, kand’ amatanguriro y’isi akanyiganyiga.
bakavuga, bati N’anyaruke, atebutse igikorwa ciwe tukirābe: kand’ imigabo y’Uwera w’Abisirayeli ni yīgire hafi ishike, kugira ngo tuyimenye!
Kur’ uwo musi bazobabomboranira hejuru nk’ukw ikiyaga kibomborana: kand’ uwokwitegereza ico gihugu yobona har’ umwiza n’ivyago, kand’ umuco uzimanganijwe n’ibicu bihubikije.
Mugabo bandondera uko bukeye, banezererwa kumenya inzira zanje; nk’ihanga ryakora ivy’ ukugororoka, ntirireke ivyagezwe vy’ Imana yabo, ni ko bansaba ivyagezwe vyo kugororoka, bakanezererwa kwēgēra Imana.
bazokwitegereza no kw isi, basange har’ ivyago n’umwiza n’umubabaro ubīriraniyeko: maze bazohindirwa mu mwiza w’umuzitanya.
Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.
Muheshe Uhoraho Imana yanyu icubahiro, atarazana umwiza, ibirenge vyanyu bitaratsitarira ku misozi icuze umwiza; namwe muciteze umuco akawuhindura igitūtu c’urupfu, akawugira umwiza w’umuzitanya.
Erega barambaza, bat’ Ijambo ry’Uhoraho riri hehe? Ni rishike turābe!
Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.
riti Mwana w’umuntu, uyu mugani n’uw’ iki, muca mu gihugu c’i Bgisirayeli, ngw Imisi iratevye, kandi ng’ Ukwerekwa kwose kurabuze?
riti Mwana w’umuntu, ereg’ ab’ inzu ya Isirayeli baravuga, ngw Ivyo weretswe bizoshika imisi yigiyeyo, kandi ng’ubūra ivy’ ibihe bikiri kure.
Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.
Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka.
Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?
Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.
Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi, uziye amahanga yose: uko wagize ni k’uzogirirwa; ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe.
Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.
Bazogenda bamarwa umunywera n’inzara, bahondoberezwe n’umururumbo, N’ikiza gikaze; Nzobatērēra ibikōko, bibate mu menyo yavyo, Ndabatērēre n’ivyikwega mu mukungugu vy’ubumara.
Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.
babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.