10 Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.
Maze Ahabu abonye Eliya, aramubarira, ati Mbega ni wewe nyene, n’ukuntu wateje amagorwa Abisirayeli?
Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!
Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.
Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.
Umucokoranyi ntakunda igihano, Kandi ntagendera abanyabgenge.
ni bo bacumuza umuntu mw ijambo, bagatega umutego ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazibiranya umugororotsi n’amagambo y’ubusa.
Ni koko, ukuri kurakamanganye; kand’ ūhunze ibibi aba yinyagishije. Uhoraho yarabibonye, biramubabaza, kukw ata biroranye biriho.
Maze Ebedumeleki, Umunyetiyopiya w’inkone, yasukūra mu ngoro y’ umwami, yumva ko bashize Yeremiya mur’ ico cobo; ico gihe umwami yar’ avyagiye ku kirimba citwa ica Benyamini.
Ariko nta muntu abirwanya, nta wubihana: kuk’ ubgoko bgawe ata co batandukanyeko n’abaherezi baho.
uwo muherezi amusuzume; maze ni haboneka ahashundashe, inyuma ku rukoba, hagatako hakēra, bigatuma ubgoya bgaho bgera, inyama zaho zikajējēta;
Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.
Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.
Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe.
Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.
Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri?
Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.