8 Nukw abo mu bisagara bibiri canke bitatu bakanyavūtira mu gisagara kimwe kunywa amazi, ntibashire inyota: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.
Maze Ahabu abarira Obadiya, ati Genda ugendure igihugu cose, ahantu hose har’ amariba y’amazi, no ku myonga yose; kumbure twobonay’ uturemba two gukiza amafarasi n’ inyumbu, kugira ngo binanage, ntitubure vyose.
Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
Mbonye ubuyobe muri ba kamenyi b’i Yerusalemu: barasambana, bagendera mu binyoma, baremesha inkozi z’ibibi, bigatuma ata wigarura ngw ave mu bibi vyiwe: bose bampindukiye nk’i Sodomu, n’ababayo bampindukiye nk’i Gomora.
Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.
Amaze gukora ivyo vyose, naravuze, nt’ Azongarukako; maze ntiyagaruka; kandi mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi arabibona.
Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.
Ntibazosubira mu gihugu ca Egiputa, yamar’ Umwashuri ni we azoba umwami wabo, kuko banse kungarukako.
Ubgibone bg’Abisirayeli ni bgo bubāgiriza imbonankubone: yamara ntibararuha bangarukako, jewe Uhoraho Imana yabo, canke ngw ivyo vyose bitume bandondera.
Nanje nabahaye kuba ubgūmakanwa mu bisagara vyanyu vyose, no kubura ivyo kurya mu ngo zanyu zose; na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.
Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota.
Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.
Nabateje kurumvya n’ururyi n’urubura ku vyo mwakoresheje amaboko yanyu vyose: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.