Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 4:7
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mose atunga ukuboko mw ijuru, umwiza w’ umuzitanya ucura mu gihugu cose ca Egiputa, umara gatatu;


ntihāgira ūbona uwundi, canke ngo hagire ūhaguruka ngw ave ah’ ari, bimara gatatu: ariko mu mazu y’ Abisirayeli bose ho hārabona.


Kur’ uwo musi ngw azorobanura igihugu c’i Gosheni, ah’ abantu biwe baba, ayo masinzi y’ibibugu ngo ntabeyo; kugira ng’umenye yukw ar’ Uhoraho ari hagati mur’ iki gihugu.


Mu gihugu c’i Gosheni honyene ni ho rutāgūye, ah’ Abisirayeli baba.


Kand’ Uhoraho azoshirah’ itandukaniro hagati y’amasho y’Abisirayeli n’ay’ Abanyegiputa: mu y’Abisirayeli yose ntihazopfa na kimwe.


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Abashingantahe babo barungika abana kuvoma, bashika ku mariba, basanga ata mazi; bagaruka imibindi yabo iri gusa: baramāramāra baratētērwa, bitwikira mu mutwe.


Kubg’ isi yāse imigāga, kukw ata mvura igikoroka mu gihugu, abarimyi baramāramāra, bitwikira mu mutwe.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Arik’ umuntu wese wo mu miryango yose yo kw isi atazodūga ngw aje i Yerusalemu gusenga Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo, i wabo ntihazokoroka imvura;


Mbega mwebge ntimuvuga ngo hasigaye amezi ane iyimbura rikagera? Ehe ndababgire: Ni mwunamure amaso yanyu murābe imirima, irēze igeze kwimbura.


Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?


uburake bg’Uhoraho bukabaziriringira, agakinga ijuru kugira ngw imvura ntigwe, isi ntibe ikimerakw ibintu, mukazohava muhona bidatevye, mugashira mu gihugu ciza Uhoraho abahaye.


Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu;


Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ