Hanyuma Elisa asubira i Gilugali; ico gihe hari harateye inzara mu gihugu. Maz’ abiga ivy’ ukuvugishwa bicaye imbere yiwe, abarira umuntu wiwe, ati Tereka ya nkono nini ku ziko, utekere imboga aba biga ivy’ ukuvugishwa.
Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.
Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.
Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.