Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 4:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 4:5
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene.


maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?


Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,


Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.


Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Bansengera ubusa, Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ