4 Enda ni mwiyizire i Beteli, mucumure, n’i Gilugali, mwirundanirize ibicumuro! Ego me ni mwizanire ibimazi vyanyu uko bukeye, mutange n’ibigiracumi vyanyu ukw imisi itatu ishize!
Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.
Ni mwamara gukūra ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutangamw’ ibigiracumi nyene, muze mubihe Abalewi n’inyambukīra n’impfuvyi n’abapfakazi, babirīre i wanyu, bahāge;