Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Umwami Uhoraho arahiye ukwera kwiwe, ati Rāba, imisi izobūbīra, bazobatwarisha ivyuma vy’ingobe, n’amasigarira yanyu bazoyatwarisha amagera aroba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 4:2
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe kimwe narahiye ukwera kwanje; Sinzobesha Dawidi;


Uruvyaro rwiwe ruzoramba gushitsa ibihe bidashira, Ingoma yiwe izohoraho nk’ izuba imbere yanje.


None rero kubg’ ubushangashirwe wangiriye, n’uko numvise ivy’ agashamango kawe, nzogutūngīra umurinda wanje mu mazuru, n’umujiginya wanje mu kanwa, ngusubize mu nzira wazananye.


Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.


Ehe ngira nshire igera mu mibangabanga yawe, ntume amafi yo mu nzūzi zawe amatana n’ibigaragamba vyawe; kandi nzokuroba ngukūre mu nzūzi zawe, n’amafi yose yo mu nzūzi zawe amatanye n’ibigaragamba vyawe.


Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


nzogukimiranya, nshire igera mu mibangabanga yawe, ngukwegane n’ingabo zawe zose, n’amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye ivyuma vyo kwīkīngiriza, ar’ igitero kinini citwaje inkinzo nto‐nto na nini‐nini, bose bafashe inkota:


ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.


Uhoraho arahiye ubgiza bga Yakobo, ati N’ukuri nkazokwigera nibagira ivyo bākoze, haba na kimwe!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ