12 Nuko rero nzokugira ntyo nyene, ewe Isirayeli; kandi ko nzokugira ntyo, itegure guhwana n’Imana yawe, Isirayeli we.
Hinda agashitsi, yemwe bagore bidibamiye; hagarika imitima, yemwe mwa bidage! Mwiyambure impuzu, mwīsige ubusa, mukenyere amagunira mu rukenyerero.
Ubgambure bgawe buzotwikururwa, mber’ ibiteye isoni vyawe bizoboneka; nzokwīhōra, kandi sinzogira akagongwe,
bikaba nk’uk’ umuriro ufata inyabara, kandi nk’uk’ umuriro ubiza amazi: kugira ngw izina ryawe rimenyekane mu bansi bawe, amahanga ahindire agashitsi imbere yawe.
muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.
Ntimwarushe mudūga ngo muje mu birengero vyo ku rugo rw’inzu ya Isirayeli, canke ngo mubizibire, kugira ngo babone ingene bashikama mu ntambara ku musi w’Uhoraho.
Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonnya; ariko nta n’umwe nabonye.
Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira.
Ūbangutse azobura ukw ahunga, n’umuhizi nta co ubuhizi bgiwe buzomumarira, n’intōre ntizoruha yikiza;
Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
Wuzure vuba n’ūkurega mukiri mu nzira; ūkurega ntagushikirize umucamanza, umucamanza akaguha umusoda, ugashirwa mw ibohero.
Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.