Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 3:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimukabikerutse i Gati, Ntimukabitāngāze mu nzira z’i Ashikeloni, Abakobga b’Abafilisitiya boye kunezerwa, Abakobga b’abantu b’intakebga boye gutera impundu.


Tuzoronka ibintu vyose vy’ igiciro kinini, Tuzokwuzuza amazu yacu isahu;


Umugore w’umunyabuntu yamana icubahiro, Kand’ abagabo b’abahambazi bamana itunga.


Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.


Uzosubira gutera inzabibu ku misozi y’i Samariya: abarimyi bazozitera, bazīyereze.


Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


Ariko mweho, yemwe misozi y’i Bgisirayeli, muzohūrika amashami yanyu, mutengengere ivyo gutunga abantu banje b’Abisirayeli; kuko bagira baze.


mbagire ihanga rimwe mu gihugu, ku misozi y’i Bgisirayeli; kand’ umwami umwe ni we azoba umwami wabo bose. Ntibazokwongera kuba amahanga abiri ukundi, canke ngo bagabanywemw’ ubgami bubiri ukundi.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Yemwe ko mushira kure umusi mubi, mukīgiza hafi intebe y’umuryano!


ngo dushōre ifeza twigurire abarushwa, dushōre n’inkweto twigurire abakene, ngo dushōre n’ibihumbga vy’ ingano?


Mbega nokwirengagiza itunga ryandurutse mu vyaha riri mu mazu y’abanyakibi, cank’ ingero zitūvya, zivumwa?


Abafilisitiya bafashe mpiri isandugu y’Imana, bayikūra i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ