Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 3:7
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho arivuganya, ati Mbega Aburahamu nomuhisha ico ngira nkore,


Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi.


ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’aba bantu n’abandi Bayuda bose, ivy’ amajambo yo mur’ iki gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho butuziriringiye ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye amajambo yo mur’ iki gitabo, ngo bakore ivyanditswe muri co vyose twabariwe.


Ngo Nukw azoguha guhambga hamwe na ba sogokuruza, ushike mu mva yawe amahoro; ngo Kand’ amaso yawe ntazobona ivyo vyago vyose azotēza aha hantu. Nuko baraza, bagarukanira umwami ayo majambo.


Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho yambariye, ati Nzokwinumira, nitegereze ndi mu buruhukiro bganje, mmere nk’indugumba irimw’ ibikēke iy’ izuba ryatse, mmere nk’igipfungu c’urume mu ndugumba yo mw iyimbura.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.


Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ