ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’aba bantu n’abandi Bayuda bose, ivy’ amajambo yo mur’ iki gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho butuziriringiye ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye amajambo yo mur’ iki gitabo, ngo bakore ivyanditswe muri co vyose twabariwe.
Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho yambariye, ati Nzokwinumira, nitegereze ndi mu buruhukiro bganje, mmere nk’indugumba irimw’ ibikēke iy’ izuba ryatse, mmere nk’igipfungu c’urume mu ndugumba yo mw iyimbura.
Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.
Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.
ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.