6 Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?
Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.
Akivugana na bo, umwami aramanuka aja iy’ ari; aravuga, at’ Ibi vyago ko bivuye k’Uhoraho, har’ ikindi kizigizigi nkimufiseko?
Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’ umuremyi w’umwiza; nd’ isōko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.
Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga? kuko bikubereye; kuko mu banyabgenge bose bo mu mahanga, uko bāgatsindaje kwose nk’abami, ata wuhwanye nawe.
Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!
Musemererere i Buyuda, mwamamaze i Yerusalemu, muti Mutabarishe inzamba mu gihugu, musemereze ijwi rirenga, muti Ni mwēgerane, duhungire mu bisagara vyubakiwe inzitiro.
muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.
Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.
uyo yobona inkota ije iteye igihugu, akavuza inzamba ngw abūrire abantu;
Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!
Cank’ inyoni yogwa mu mutego uri hasi, kand’ udatezwe? Umutego woshibuka ata co ufashe?
n’umusi wo kwumva inzamba n’akaruru k’abirukira ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye n’iminara miremire.
Kukw iyo misi itarashika ata ngero zāboneka z’ibikorwa vy’umuntu canke z’ivy’ inka zirima, kandi nta mahoro k’ūwinjira n’ūsohoka kubg’ abarwanizi; kuko nateranije abantu bose, umuntu wese nkamuteranya na mugenzi we.
uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.
ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.
Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.