Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 3:12
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abasigaye bahungira mu gisagara c’i Afeka; maz’ uruzitiro rwaho rw’amabuye rusidukira ku bantu ibihumbi mirongwibiri n’indwi mur’ abo bari basigaye. Beni‐hadadi na we arahunga, yitera mu nzu yo mur’ ico gisagara, arenga hirya mu mpete.


Maze Beni‐hadadi aramubarira, at’ Ibisagara data yanyaze so nzobigusubiza; kand’ uzogira aho kudandariza i Damasiko, nk’uko data yar’ ahafise i Samariya. Ahabu aramwishura, ati Ndemeye iryo sezerano: ndakurekuye. Nuko barasezerana, aramurekura.


Mikaya aramwishura, at’ Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza.


Nuk’ umwami w’i Ashuri aramwemerera, aradūga atera i Damasiko, arahatsinda; abaho abajana ar’ inyagano i Kiri, kandi yica Rezini.


Hāri hakinze impuzu zera n’izisa n’akatsi gatoto n’iz’ amasufe, zimanikishijwe imigozi y’ibitambara vyera vyiza n’iy’ inyambarabami, ifashwe n’impeta z’ifeza ku nkingi z’amabuye yitwa marimari; hāri n’imisegamuro yakozwe mw izahabu n’ifeza, iteretse ku musezero wa marimari nyene y’amabara y’ agahama n’ayera n’ay’ umuhondo n’ayirabura.


Maz’ umwami aragaruka, avuye mu nyubakwa yo ku ngoro, yinjira ha handi hār’ igiturire ca vino: asanga Hamani yikubise ku musegamuro Esiteri yariko. Umwami aravuga, ati Mbeg’ agira ngw afatire n’umwamikazi mu ngoro yanje aho mbona? Iryo jambo rikiva mu kanwa k’umwami, Hamani bamupfuka mu maso.


Ati N’ukuri nkazokwinjira mw ihema ari yo nzu yanje, Nkazokwurira ku buriri bganje,


Kur’ uwo musi umuntu azotumbera Umuremyi wiwe, kand’ amaso yiwe azoyashira ku Wera w’Abisirayeli.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ati Nk’ukw intambge, cank’ umugunza w’intambge igwangwarira ku co yishe, iy’ abungere benshi batabajwe kurwana na yo, ntikangwe n’amajwi yabo, kandi ntiteshwe n’urwamo rwabo, uko ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo azomanurwa no kurwanira ku musozi Siyoni no ku mutumba waho.


Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo guhamagara, ati Data, canke Mama, ubutunzi bg’i Damasiko n’ iminyago y’i Samariya bizojanwa kw inyagano n’umwami w’i Ashuri.


Bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo, bakīrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze;


Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ