11 Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hazoza abansi, bazota igihugu hagati; bazocobogoza ubuhizi bgawe, ingoro zawe zisahurwe.
Bene Yakobo bakoba imivyimba, basahura igisagara, babahōra kwonona mushiki wabo.
Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.
Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.
Maze baturira n’ ingoro y’Imana, basangangura n’ uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bīca n’ivyiza‐vyiza vyaho vyose.
Nta casigaye atāherengeteje, Ni co gituma ubuhirwe bgiwe butazogumaho.
Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.
Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.
Nzosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’ imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe; kand’ amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azokomvomvorwa, amazu menshi azohenebēra, ni k’Uhoraho agize.
Arikw ehe rāba, nzobahagurukiriza ihanga, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize; kandi rizobatunatuna, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kagezi gaca mu kiyaya Araba.
ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.