10 Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.
Nta casigaye atāherengeteje, Ni co gituma ubuhirwe bgiwe butazogumaho.
Mbeg’ inkozi z’ibibi zose nta bgenge zifise? Ko barya abantu banje nk’ uko barya umutsima, Kandi ntibambaza Uhoraho.
Tuzoronka ibintu vyose vy’ igiciro kinini, Tuzokwuzuza amazu yacu isahu;
Umugore w’umunyabuntu yamana icubahiro, Kand’ abagabo b’abahambazi bamana itunga.
Abantu babi ntibatahura ibiroranye, Arikw abarondera Uhoraho batahura vyose.
Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.
Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.
Maze ndavuga, nt’ Erega n’ukw ari ba nyarucari: n’ibijuju, kuko batazi inzira y’Uhoraho, ntibamenye n’ukuroranya kw’Imana yabo.
atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;
Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara.
Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye ga mwana w’umuntu? Mbeg’ ab’ inzu ya Yuda kibabereye ikibangutse gukora ivyo bizira bakorera hano hantu? Kukw igihugu bacujuje umuryano, bakongeranya kwihindagura ngo bandatse: mbere bagashira udushami ku mazuru yabo.
Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.
Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!
Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,
Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,
Yemwe ko mushira kure umusi mubi, mukīgiza hafi intebe y’umuryano!
ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.
Mbega nokwirengagiza itunga ryandurutse mu vyaha riri mu mazu y’abanyakibi, cank’ ingero zitūvya, zivumwa?
Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo.
Kuko biyobagiza ibigirankana yuko kera hār’ amajuru, n’isi yakūwe mu mazi n’ijambo ry’Imana, rikayirema mu mazi.