Amosi 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Yamar’ ari jewe naranduye Abamori imbere yabo, uburebure bgabo bgari bumeze nk’ubg’ amasederi, kandi bari bakomeye nk’ibiti vy’imyeloni; ariko nahenebereje ivyo bamye mpereye hejuru, n’imizi yabo, mpereye hasi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)