Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yamar’ ari jewe naranduye Abamori imbere yabo, uburebure bgabo bgari bumeze nk’ubg’ amasederi, kandi bari bakomeye nk’ibiti vy’imyeloni; ariko nahenebereje ivyo bamye mpereye hejuru, n’imizi yabo, mpereye hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 2:9
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.


kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi,


Imizi yiwe izokwumira hasi, N’ishami ryiwe rizokabiranira hejuru.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Uz’ uhore witondera ivyo nkugera uyu musi: rāba, nzokwirukana Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, babave imbere.


Eh’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo azocisha amashami ububasha bgiwe bg’agaterabgoba: ibirebire bisumba ibindi bizokwicirwa, n’ivyishize hejuru bizorambikwa hasi.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Enda vuga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbeg’ uzototahara? Ya nkukuma ya mbere mbega ntizowurandura imizi, ikawuhanyagurakw inzabibu, kugira ngo wume, n’ibibabi biremvye ngo bikabirane? Mbere kuwusiturana n’ imizi yawo ntivyonanirana, canke ngo birinde gukoranya ingabo.


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Nuk’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abaha kuyerēra mu bugaragwa hirya no hino kumara imyaka mirongwine, gushitsa ah’ urwo runganwe rwose rw’abakoze ibibi imbere y’Uhoraho rwakunkumukiye.


Muti None tudūga tuja hehe? Muti Bagenzi bacu ko baturanduye imitima, ngw Abantu baho ni banini, kandi baradusumba; ngw Ibisagara vyabo ni binini, bizitijwe inzitiro z’ amabuye zigera mw ijuru; ngo Mbere babonyeyo n’Abanaki.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


Ku musi Uhoraho yagabuye Abamori mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa abarira Uhoraho, maz’ avugira imbere y’Abisirayeli, ati Zuba, hagarara kuri Gibeyoni; nawe kwezi, hagarara mu kiyaya Ayaloni.


Araheza aravuga, at’ Iki ni co kigira kibamenyeshe yukw Imana nzima iri muri mwebge, kandi yukw itazobura kwirukana Abanyakanani imbere yanyu, bo n’ Abaheti n’Abahiwi n’Abaferizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ