Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Bīryāmira i ruhande y’igicaniro cose ku mpuzu z’inkizurano, kandi mu ngoro y’Imana yabo bakahanywera vino baciriye abantu kw iciru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 2:8
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni hagira ūgurāna amahera umuntu uw’ ari we wese wo mu bantu banje, w’umubanyi wiwe w’umworo, ntaz’ amwugarize mu kumwishuza, kandi ntaz’ amucire ay’ inyungu.


Ku musozi muremure ni ho wubatse uburiri bgawe; kandi ni ho wadūga, ukaja gutanga ibimazi.


akagunga impahazwa n’umukene, akanyaga ku gahahazo, akima ingwati nyeneyo, akunamurira amaso ibigirwamana, kand’ agakora ibizira,


atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;


mwicara ku musegamuro mutimbitse, har’ ameza agemetse imbere yawo, muyaterekakw imibavu yanje n’amavuta yanje ya elayo.


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo, bakīrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze;


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.


Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.


Kuk’ umuntu iy’ akubonye, wewe wahawe gutahura, wicaye urīra mu rusengero rw’ikigirwamana, umutima w’uwo, iy’ adakomeye, mbega ntuzorinduka, akarya ivyaterekerejwe ibigirwamana?


Bukeye baja mu ndimiro, bimbura inzabibu zabo, barazigana, bagira umusi mukuru, binjira mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ