Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko nzokwanda umuriro i Mowabu, utongore ingoro z’i Keriyoti; kandi Mowabu hazopfa har’ amaruru n’urwamo n’inzamba zivuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 2:2
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.


no kuri Keriyoti, no kuri Bosira, no ku bisagara vyose vyo mu gihugu c’i Mowabu, ibiri kure n’ibiri hafi.


Gutaka kw’i Heshiboni kwumvikana gushitsa n’i Eleyale; mber’ amajwi yabo ashika n’i Yahazi, kand’ ahēra i Sowari agashitsa n’i Horonayimu bo n’i Egilati‐shelishiya: kuko n’amazi y’i Nimurimu azocika iyondoyondo.


I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.


Abāhunze basigaye ata nkomezi mu gitūtu c’i Heshiboni: arik’ umuriro uturutse i Heshiboni, urubeya ruturutse hagati y’i Sihoni, rutongoye impande z’i Mowabu, n’igitwariro c’abanyamuvurungano.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abanyamowabu n’ab’i Seyiri ko bavuga, bat’ Ereg’ inzu ya Yuda ihwanye n’iz’ ayandi mahanga yose;


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.


nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ