Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 2:10
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wabatungiye mu bugaragwa kumara imyaka mirongwine, ntibāgira ico bakena; impuzu zabo ntizabashirirako, ibirenge vyabo ntivyavyimba.


Nashavuriye ab’ ico gihe imyaka mirongwine, Ndavuga, nt’ Aba n’abantu bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


Nuko mbakūra mu gihugu ca Egiputa mbajana mu bugaragwa.


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri?


Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.


Babarira Abisirayeli inkuru z’agacavutu z’ico gihugu batase, bat’ Igihugu twanyuragiyemwo tugitata n’igihugu kimiragura abantu baho, kand’ abantu bose twahabonye n’abagabo barebare cane.


Abisirayeli banesha ivyo bisagara vyose, baba mu bisagara vyose vy’Abamori, i Heshiboni no mu bisagara vyose bihereranye na ho.


Nuk’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abaha kuyerēra mu bugaragwa hirya no hino kumara imyaka mirongwine, gushitsa ah’ urwo runganwe rwose rw’abakoze ibibi imbere y’Uhoraho rwakunkumukiye.


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana, ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ati Kand’ ibibondo vyanyu, ivyo muvuze ko bizoba abanyagano, n’abana banyu bataraca ubgenge ngo batandukanye ikibi n’iciza, ni bo bazokijamwo, ni bo nzogiha, bacegukire.


Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.


ahahera i bumanuko; bo n’igihugu cose c’ Abanyakanani, n’i Meyara h’Abasidoni, ugashitsa kuri Afeka ku rubibe rw’Abamori;


Hanyuma mbashikana mu gihugu c’Abamori bo hakurya ya Yorodani, barwana namwe; maze mbagabura mu maboko yanyu, mwegukira igihugu cabo; ndaheza ndabarandura, baherengetera imbere yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ