Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:9
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Hiramu umwami w’i Tiro atuma intumwa kuri Dawidi, arungika n’ibiti vy’amasederi n’ ababāji n’abubatsi, bubakira Dawidi ingoro.


N’Abagebalu n’Abamoni n’ Abamaleki, N’Abafilisitiya n’ababa i Tiro:


nkiramiza n’abami bose b’i Tiro n’abami bose b’i Sidoni, n’ abami b’ikizinga co hirya mu kiyaga,


kuk’ umusi ugira uze wo kuzonyagwako kw’Abafilisitiya bose, wo kuzorandura umutabazi wese azoba agisigaye muri Tiro n’i Sidoni: kuk’ Uhoraho azonyaga Abafilisitiya, n’amasigarira yo ku kizinga co mu kiyaga citwa Kafutori.


Ubutunzi bgawe, n’ ibishōrano vyawe, n’ibidandazwa vyawe, n’abasoza bawe, n’abagutumbereza nk’ubgato, n’abahomyi bawe b’imiguma, n’abakudandariza ibidandazwa vyawe, n’abahizi bawe bose bari muri wewe, mbere n’abanyabgato bawe bose bari hagati muri wewe, bizodobera mw idamba mu kiyaga ku musi wo kugesezwa kwawe.


Kubg’ isinzi ry’ ibicumuro vyawe n’ubugunge bg’ ukudandaza kwawe, wahumanije ahēra hawe; ni co catumye ntuma umuriro uvuye muri wewe ukuyigiza, nkakugira umunyota urunze hasi imbere y’abo wabereye akabarore.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku gihugu c’i Haduraki, izoshinga ibande i Damasiko: kukw abantu bose, n’imiryango yose y’Abisirayeli, bahanze amaso Uhoraho;


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


Ariko ndababgire: muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge.


Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba bārihannye kera, bicaye bambaye amagunira, bīsīze umunyota.


Ariko muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ