Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:8
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye aragenda atera Abafilisitiya, asangangura uruzitiro rw’i Gati n’urw’ i Yabune n’urw’ i Ashidodi; yubaka ibisagara mu ntāra y’i Ashidodi n’ahandi mu gihugu c’Abafilisitiya nyene.


Notsinda abansi babo vuba, Nohindurira ukuboko kwanje ku barwanizi babo.


Nzogufatisha ukuboko kwanje, ngukūremwo rwose inkamba zawe, nkumaremw’ urwevu rwawe rwose.


Umwaka Taritani yatereyemw’ ahitwa Ashidodi, agomowe na Sarigoni umwami w’i Ashuri, akaharwanya akahatsinda,


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya ūvugishwa n’ Imana ku vy’Abafilisitiya, Farawo ataratera i Gaza.


nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.


Mbega twapfuye iki, ga yemwe ab’i Tiro n’i Sidoni, namwe ababa mu ntāra zose z’i Bufilisitiya? None har’ ico munyīhōra? Erega namba mugomba kunyīhōra, ukwo kwīhōra kwanyu nzonyarutsa vuba kukubasubiza ku mitwe.


nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Ababa muri Ashikeloni bazobirāba batinye, n’ababa i Gaza na bo, bazoja mu kajembegete; kand’ ababa muri Ekuroni ivyo bari bishimiye bizobatītūkana; kand’ i Gaza bazobura umwami, no muri Ashikeloni abantu bazohashira.


Ikivyarwa ni co kizogazagaza muri Ashidodi, kand’ Abafilisitiya nzobamara amanyama.


Ibihute vyacuzwe mw izahabu Abafilisitiya bashikaniye Uhoraho kw impongano vyar’ ibi: kimwe car’ ic’i Ashidodi, ikindi car’ ic’i Gaza, ikindi car’ ic’i Ashikeloni, ikindi car’ ic’i Gati, ikindi car’ ic’i Ekuroni;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ