Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:7
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Atera Abafilisitiya ukarinda ushitsa i Gaza n’intāra yaho, uhereye ku minara y’abarinzi ugashitsa ku bisagara bizitijwe inzitiro.


Bukeye aragenda atera Abafilisitiya, asangangura uruzitiro rw’i Gati n’urw’ i Yabune n’urw’ i Ashidodi; yubaka ibisagara mu ntāra y’i Ashidodi n’ahandi mu gihugu c’Abafilisitiya nyene.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya ūvugishwa n’ Imana ku vy’Abafilisitiya, Farawo ataratera i Gaza.


I Gaza hasigaye ar’ uruharabuga; Ashikeloni harakomvomvowe, bo n’amasigarira yo mu kiyaya caho: uzokwikebagura ushitse ryari?


Maze bazomenya yuko nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kwanda umuriro Egiputa, abatabazi babo bahonnye.


Kandi nzokwanda umuriro Magogi, n’abibera ku kiyaga ata co binona; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Gaza hazohebga, Ashikeloni hahinduke imisaka: abo muri Ashidodi bazokwirukanwa ku murango w’amashōka, na Ekuroni hazorandurwa.


Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ