6 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:
Kandi n’Abafilisitiya na bo bāri bateye ibisagara vyo mu kiyaya, n’ivy’ i Buyuda bg’i bumanuko, bafata i Beti‐shemeshi, n’i Ayaloni, n’i Gederoti, n’i Sokoho, n’ibisagara bihakūkira, n’i Timuna n’ibisagara bihakūkira, n’i Gimuzo na ho nyene n’ibisagara bihakūkira; baca barahinjira.
Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya ūvugishwa n’ Imana ku vy’Abafilisitiya, Farawo ataratera i Gaza.
Ko wāmanye inyankane idahangūra, ukagomorera inkota Abisirayeli ku musi baboneyekw ivyago, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo;
Mbega twapfuye iki, ga yemwe ab’i Tiro n’i Sidoni, namwe ababa mu ntāra zose z’i Bufilisitiya? None har’ ico munyīhōra? Erega namba mugomba kunyīhōra, ukwo kwīhōra kwanyu nzonyarutsa vuba kukubasubiza ku mitwe.
kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:
nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.
Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo.
Ababa muri Ashikeloni bazobirāba batinye, n’ababa i Gaza na bo, bazoja mu kajembegete; kand’ ababa muri Ekuroni ivyo bari bishimiye bizobatītūkana; kand’ i Gaza bazobura umwami, no muri Ashikeloni abantu bazohashira.
Maz’ umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo, ati Va hasi uje i bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza: imwe yo mu bugaragwa.
Ibihute vyacuzwe mw izahabu Abafilisitiya bashikaniye Uhoraho kw impongano vyar’ ibi: kimwe car’ ic’i Ashidodi, ikindi car’ ic’i Gaza, ikindi car’ ic’i Ashikeloni, ikindi car’ ic’i Gati, ikindi car’ ic’i Ekuroni;