Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi nzovunagura ibihindizo vy’i Damasiko, mpenebereze ababa mu kiyaya c’i Aveni, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe w’i Beti‐Edeni; kand’ ihanga ry’i Siriya rizokwambukanwa i Kiri ar’ inyagano, ni k’Uhoraho agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Yerobowamu, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ ubuhizi bgiwe, n’ingene yarwanye intambara, n’uburyo yagaruriye Ubgisirayeli i Damasiko n’i Hamati, ahanyaze Abayuda, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?


Nuk’ umwami w’i Ashuri aramwemerera, aradūga atera i Damasiko, arahatsinda; abaho abajana ar’ inyagano i Kiri, kandi yica Rezini.


Abelamu bapfukūye imitana, Abaramu baje bagendera ku mafarasi, kand’ ab’i Kiri basokoroye inkinzo.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wanyu, Uwera w’ Abisirayeli, ati Natumye i Babuloni kubganyu, nzomanura abaho bose ar’ impunzi, ni bo Bakaludaya, mu māto bishimira.


Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo guhamagara, ati Data, canke Mama, ubutunzi bg’i Damasiko n’ iminyago y’i Samariya bizojanwa kw inyagano n’umwami w’i Ashuri.


Inkota iri ku birata, kandi bazoyinga; inkota iri ku bahizi baho, kandi bazoranduka imitima.


Abahizi b’i Babuloni bahevye kurwana, bigungiye mu bihome vyabo, ubutōre bgabo buraheze, bacitse bga bagore: amazu yaho yanzwe umuriro; ibihindizo vyaho biravunaguritse.


Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.


Ab’i Harani n’ab’i Kanehe n’abo muri Edeni n’abadandaji b’i Sheba no muri Ashuri n’i Kilumadi bār’ abadandaji bawe.


Imisore yo muri Aveni n’iy’ i Pibeseti izoririkwa n’inkota: kand’ abo mur’ ivyo bisagara bazojanwa ar’ inyagano.


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.


Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri?


Eh’ abantu bawe bari muri wewe bameze bga bagore; amarembo y’igihugu cawe yugururiwe abansi bawe: umuriro watōngōye imyugariro yawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ