Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:4
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aramubarira, ati Subiray’ ujane inzira wazananye, uje mu bugaragwa bg’i Damasiko; ni washikayo, uz’ urobanuze Hazayeli amavuta, az’ abe umwami w’i Siriya;


Hanyuma Yehowasi mwene Yehowahazi agarura ibisagara Beni‐hadadi mwene Hazayeli yari yaranyaze se Yehowahazi mu ntambara. Yehowasi amunesha gatatu, agarura ibisagara vy’i Bgisirayeli.


Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akāma abagabura mu maboko ya Hazayeli umwami w’i Siriya, no mu ya Beni‐hadadi mwene Hazayeli nyene.


Hanyuma y’ivyo, Beni‐hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose; aradūga atera i Samariya, arahugariza.


Maze Asa abibonye, yābīra ku mafeza no ku mazahabu yari mu bubīko bgo mu ngoro y’ Uhoraho n’ubgo mu ngoro yiwe, ayarungikira Beni‐hadadi umwami w’i Siriya yaba i Damasiko;


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Damasiko, kand’ uzotongora ingoro za Beni‐hadadi.


Maze bazomenya yuko nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kwanda umuriro Egiputa, abatabazi babo bahonnye.


Kandi nzokwanda umuriro Magogi, n’abibera ku kiyaga ata co binona; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Tiro, utongore ingoro zaho.


Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.


nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;


Nuko nzokwanda umuriro i Mowabu, utongore ingoro z’i Keriyoti; kandi Mowabu hazopfa har’ amaruru n’urwamo n’inzamba zivuga.


Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.


kand’ Imana yatumye ibibi vyose ab’i Shekemu bākoze bibasubira ku mutwe, wa muvumo wa Yotamu mwene Yerubayali ubashikako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ