Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.
Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.
Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?