Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:11
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko none, ehe rāba Abamoni n’Abanyamowabu n’abo ku musozi Seyiri, abo wari warabujije Abisirayeli ngo ntibabatere, hamwe bāva mu gihugu ca Egiputa, bagaca hirya ntibabarandure,


none rāba ivyo batwishuye: baje kutwirukana mw ishamvu yawe, iyo waduhaye ngo tuyegukire.


kukw Abanyedomu bāri bongeye gutera i Buyuda, bakahanesha, bakajana abaho ar’ inyagano.


Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Mbeg’ uzoturakira ibihe bidashira? Uzokomeza uburake bgawe ibihe vyose?


Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’ uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.


Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.


Ereg’ Abisirayeli bataye ivyiza: umwansi azobakinagiza.


Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.


Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo,


Naho Edomu yavuga, ati Dutsinzwe hasi, ariko tuzosubira kwubaka ahāsanganguwe; uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazokwubaka, ariko nanje nzosambura. Abantu bazobīta intāra y’ibigabitanyo, babīte n’ubgoko Uhoraho yama arakiye ibihe bidashira.


Ntimuze mugirire akazīka Abanyedomu, kuko mur’ akara kamwe, kandi ntimugirire akazīka Abanyegiputa, kuko mwar’ inyambukīra mu gihugu cabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ