Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 1:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Nukw avayo, aragenda abona Elisa mwene Shafati, arikw ararimisha inka mirongwibiri na zine zirongōye imbere yiwe, zisangiye ingōgo ari zibiri‐zibiri, na we ari ku z’imperēra; Eliya akebereza iy’ ari, amutererak’ umutamana wiwe.


Maz’ abantu bose bahitana Uziya baramwimika, bamusubiza ku ngoma ya se Amaziya; Uziya yar’ amaze imyaka cumi n’itandatu.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Amaziya mwene Yowasi umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Yerobowamu mwene Yehowasi umwami w’Abisirayeli yima i Samariya; amara imyaka mirongwine n’umwe ari ku ngoma.


Bukeye bgaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugaragwa bg’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yehoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.


Ico gihe Mose yaragira umukuku w’intama za Yetiro sebukwe, umuherezi w’i Midiyani: aturukiriza umukuku hirya y’ ubugaragwa, ashika ku musozi w’Imana, i Horebu.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, wo mu baherezi bāba muri Anatoti mu ntāra ya Benyamini.


Abavugishwa n’Imana ba kera bānyitangiye imbere bakakwitangira imbere nawe, bāvugishijwe ivy’ intambara n’ivy’ ivyago n’ivy’ ikīza bizotera ibihugu vyinshi n’ibihugu vy’ abami bahambaye.


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Nawe naho wobabgira ayo majambo yose ntibazokwumva; kandi naho wobahamagara ntibazokwitaba.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.


Maze Amosi yishura Amaziya, ati Sinigeze kuba ūvugishwa n’Imana, canke ngo mbe umwigishwa w’uwo yavugisha, ariko nari nibereye umwungere, nkaba n’umurimyi w’ibiti vy’imisukomora.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.


Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ