Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 6:4
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


Maze Dawidi abarira Salomo umuhungu wiwe, ati Shikama, ushire amanga, ubikore. Ntutinye, nturanduke umutima, kuk’ Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, azoba ari kumwe nawe; ntazoguhemukira, ntazoguta, gushitsa ah’ ibikorwa vyose bizokorwa kur’ iyo ngoro y’Uhoraho bizorangirira.


Kand’ umuhungu wanje Salomo umuhe kwitondera ivyagezwe vyawe n’ amabgirizwa yawe n’ivyo washinze, kugira ngw avyitondere n’ umutima wose, kand’ akore n’ivyo vyose, yubake n’iyo ngoro niteguye ivyayo.


Hana umwana wawe igihe c’ ivyizigiro kitararengerana, Ariko ntutwarwe n’ishavu ng’ umwice.


Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, Arikw inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe.


Toza umwana indero akwiye kwamana, Azorinda asāza atarayivamwo.


Inkoni n’indero nziza bicisha ubgenge, Arik’ umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina.


Hana umwana wawe, azokuruhura, Mber’ azonezereza umutima wawe.


Umuntu muzima, umuntu muzima ni we azoguhimbaza, nk’uko ndiko ndaguhimbaza uyu musi. Umuvyeyi azomenyesha abana biwe ingen’ ur’ uwo kwizigirwa.


kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.


Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.


muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.


Ba se, ntimukaratse abana banyu, ngo ntibaranduke imitima.


kuko nibutse ukwizera kutar’ ukw’ uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike: kandi ndazi ntakekeranya yuko kuri muri wewe nawe.


kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Manowa aramubaza, at’ Ivyo wavuze ni vyashika, uwo mwana tuzomurera dute? Azokora iki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ