Nuko Yeremiya abarira ab’ inzu ya Rekabu, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ko mwumviye iragi rya sogokuruza Yonadabu, mukitondera amabgirizwa yiwe yose, mukagenza nk’uko yababariye muri vyose;
Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?