7 Nuko ntimugafatanye na bo;
7 Nuko rero ntimukifatanye na bo mu vyo bakora.
Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.
Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.
Muve mu bupfu, mubone kubaho; Mugendere mu nzira yo kumenya ubgenge.
n’imbuni, na tamasi, na shakafu, n’agaca, ukw amoko yavyo ari;
Abarira ishengero, ati Ni mwīgireyo, muve ku mpande zose z’amahema y’izi nkozi z’ibibi, ntimugire ikintu cabo na kimwe mukorako, kugira ngo ntimuranduranwe na bo mu guhanirwa ivyaha vyabo vyose.
Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite?
yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.
kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,
Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.
Numva ijwi rindi rivuye mw ijuru, rivuga, riti Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe.