Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 cank’ ibiteye isoni, cank’ amagambo y’ubupfu, cank’ ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ntihakagire ibiterasoni, amajambo y’ubupfu canke ibitwenza bibi bigira ikibanza muri mwebwe, ahubwo habe amashimwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 5:4
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi. Gushima kurabereye abatunganye.


Ni vyiza gushima Uhoraho, No kuririmbira izina ryawe ishimwe, ewe Usumba vyose:


Uwitonda ahisha ivyo azi, Arik’ umutima w’ibipfu uswaganya ubupfu.


Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, Arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.


Uko ni kw ameze, umuntu ahenda mugenzi we, Maz’ akavuga, at’ Erega najandajanda gusa!


Intango y’amagambo yo mu kanwa kaco n’ubupfu, kand’ iherezo ry’ibivuye mu kanwa kaco n’ibisazi vy’icago.


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


ubgivyi, ubgicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’ isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu:


(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


namwe muhūje imitima yo kudufasha mudusengera, ngw ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana kubgacu.


Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa.


ntahengeshanya kubashimira Imana, mbahoza mu kanwa uko nsenze,


Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.


N’ishimwe ki twoshobora kwishura Imana kubganyu, kubg’ umunezero wose tubanezererwa imbere y’Imana yacu?


mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.


Kubg’ ivyo, naho mfise ubushizi bg’amanga bgose muri Kristo bgo kukugerakw ibikwiye,


Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


ikarokora Loti, umugororotsi, yababazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda —


Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.


n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ