Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 5:2
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Uheze wosereze ivy’ iyo ntama vyose ku gicaniro: kizoba ar’ ikimazi noserejwe, jewe Uhoraho, n’umubabge umota neza, ikimazi nshikaniwe, gitōngōwe n’umuriro.


Uheze ubikūre ku mashi yabo, uvyosereze ku gicaniro, ubigeretse kuri ca kimazi coshejwe, bibe umubabge umota neza imbere yanje, jewe Uhoraho: ico kizoba ar’ ikimazi nshikaniwe gitōngōwe n’umuriro.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.


Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.


n’imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera.


yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze.


Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.


Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose.


Kuko tur’ ubumote bgiza bga Kristo ku Mana, hagati y’abariko barakira n’abariko barahona.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese.


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo,


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo;


mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,


Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge,


Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura,


Igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabājwe; muheze mucoserezekw ibimazi muhaye Uhoraho Imana yanyu,


Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.


Ikigeretse kur’ ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana.


Arikw ivyo gukunda bene Data ntimurinda kuvyandikirwa, kuk’ ubganyu mwigishijwe n’Imana gukundana;


yitanze kw incungu ya bose. Kand’ ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo,


Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Kuk’ umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana amashikanwa no gucumita ibimazi. Ni co gituma wa wundi na we akwiye kugira ic’ ashikana.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


Nuko vyari bibereye kw ibigereranyo vy’ivyo mw ijuru vyozwa n’ivyo bimazi, ariko, ivyo mw ijuru ubgavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo.


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data.


Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ