12 kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga.
12 Biteye n’isoni kuvuga ivyo abatumvira Imana bakorera mu mpisho.
Wewe wabikoreye mu mpisho, ariko jeho nzobikora icese imbere y’Abisirayeli, ku murango nyene.
At’ Amazi y’amībano araryoshe, N’indya zirīrwa mu mpisho ziranezereye.
Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.
Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.
Ni ko bizoba ku musi Imana izocira amabanga y’abantu amateka muri Yesu Kristo, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe buvuga.
kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,
Ariko vyose, iyo bishizwe ahabona, bigaragazwa n’umuco, kukw ikigaragazwa cose ar’ umuco.
Arik’ ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera:
Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana.
Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.