10 Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu,
10 kandi mumenye ibihimbara Umwami ivyo ari vyo.
Ni co gituma, kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya:
Amajambo yo mu kanwa kanje, n’ivyiyumviro vyo mu mutima wanje, bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje.
Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.
mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.
mugerageze vyose, mugumye ivyiza,
Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu,
murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,
Ūkorera Kristo artyo, ahimbara Imana, kandi n’abantu baramwemera.
Gukora ivy’ ukugororoka no guca izibereye Ni vyo bihimbara Uhoraho kurusha gutanga ibimazi.
Ariko, umupfakazi wese, namb’ afise abana cank’ abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.
Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.
Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.
Dawidi araheza ahagatira inkota yiwe hejuru y’iyo myambaro, agerageza gutambuka ngw arābe, kukw atabimenyereye. Maz’ abarira Sauli, at’ Ibi sinshobora kubijana, kuko ntābimenyereye. Nuko Dawidi aravyiyambura.
Non’ ukwisonzesha nshima, mugira ngo kumeze gurtyo? Mugira ngo n’umusi wo kwibabarizamwo, no kujondamika umutwe nk’urufunzo, no kwisasira amagunira n’umunyota? Mbeg’ ivyo ni vyo mwita kwisonzesha, n’ umusi jewe Uhoraho nnezererwa?
kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,