1 Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda.
1 Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane,
Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.
Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.
kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.
Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.
Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,
Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo
kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,
Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,
Abo nkunda, kw Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana.