Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arikw iryo jambo ngo Yaradūze, n’iki? Mbega ntiryerekana yuko yabanje kumanuka i kuzimu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 (Mbega “yaraduze” bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho amanukanwa no kurāba ico gisagara n’uwo munara, abana b’abantu bubatse.


Urukanka rw’umubiri wanje ntiwaruhishwa Hamwe naremerwa mu mpisho, Hamwe naremesherezwa ubgenge i bgina mw isi.


Arikw abashaka kunyica ngo banzimirize Bazoja epfo i kuzimu.


Hāri hasigaye gato ukamunganya n’Imana, Umwambika ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo.


Nuk’ Uhoraho aramanuka, aza kur’ uwo musozi Sinayi, ku mpinga yawo. Uhoraho ahamagara Mose ngw adūge uwo musozi ashike ku mpinga, Mose aradūga.


Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?


Muririmbe, mwa majuru, kuk’ Uhoraho abikoze; wa bgina bg’isi usemerere; ni muturike muririmbe, mwa misozi mwe, nawe kibira, n’igiti cose kirimwo: kuk’ Uhoraho yacunguye Yakobo, kand’ azokwihesha icubahiro muri Isirayeli.


kugira ngo hoye kugira igiti na kimwe co ku nkengēra y’amazi cishira hejuru kubg’ uburebure bgaco ubgaco, canke ngo gitume ubushorishori bgaco bushika mu bicu, canke ngo hagire ibihambaye vyo muri vyo bihagarara vyishimiye uburebure bgavyo, ari vyo vyose bitungwa n’amazi: kuko vyose vyatanzwe ngo bipfe, bije i bgina i kuzimu, bifadikanijwe n’abantu buntu, n’ abamanuka baja muri rwa rwobo.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw ijuru, si nk’uwo ba sogokuruza banyu bāriye, ariko bagapfa; ūrya uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira.


None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere?


Yesu arabishura, ati Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje n’iy’ ukuri, kuko nzi iyo navuye, n’iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye cank’ iyo nja.


Wamucishije bugufi, aba musi y’abamarayika gato. Wamwambitse ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, Wamuhaye kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe.


Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ