Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:30
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.


Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


kandi si co gusa, ariko natwe abafise umushuzo wa Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b’Imana, ni kwo gucungurwa kw’ imibiri yacu.


Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.


Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira.


Nta vyitwa kanehe imota neza wanguriye amahera, kandi ntiwampāgije ibinure vy’ibimazi vyawe; ariko ni wewe wangoje ivyaha vyawe, mbere wanduhishije ibigabitanyo vyawe.


Erega ni kenshi bayigaraririza mu bugaragwa, Bayibabariza mu karēre!


Uhoraho aravuga, ati Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kukw ar’ uw’ inyama gusa: nuko rer’ imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri.


Yesaya aramwishura, ati Ni mwumve none rero, wa muryango wa Dawidi; ko kibaye icoroshe kuri mwebge kugora abantu, none mugomba kugora n’Imana yanje na yo?


Kuk’ utibutse imisi yo mu buto bgawe, arik’ ukantera ishavu kubg’ ivyo vyose; nuko rero, ehe ngira ngusubize ku mutwe ingeso zawe, ni k’Umwami Uhoraho agize: kandi ntuzoba ukigereka ubgo bushakanyi ku bizira vyawe vyose.


Nashavuriye ab’ ico gihe imyaka mirongwine, Ndavuga, nt’ Aba n’abantu bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje.


Ni co catumye ngirira umwikomo ab’ ico gihe, Nkavuga, nti Bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje;


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Kandi ni ba nde yagiriye umwikomo imyaka mirongwine? S’abācumuye, imivyimba yabo igahindikirana mu bugaragwa?


Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi.


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.


Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.


Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri.


Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ