Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mwame imisi yose mwicisha bugufi, mugira ubugwaneza kandi mwihanganiranira, ku bw’urukundo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:2
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nah’ Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, Arikw abībone abamenyera kure.


Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, Urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka. Ukuboko kwawe kw’i buryo kukwigishe ibitera ubgoba.


Kugira umutima wicishije bugufi ugafatanya n’abagorwa Biruta kugabangana iminyago ufatanije n’abibone.


N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.


Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco; kand’ uw’ umutima wihangana aruta uw’ umutima w’ubgibone.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Kand’ uwo mugabo Mose yar’ umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.


nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.


Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.


rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ