Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ni we atuma umubiri wose ukomera ugafatanywa neza n’ingingo zawo, ugakura neza kandi ukubakwa mu rukundo, mu gihe urugingo rwose rukoze igikorwa carwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:16
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise.


Nk’uko mu mubiri umwe dufise ingingo nyinshi, kand’ ingingo zose zitagira igikorwa kimwe,


Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe.


None rero hagumyeh’ ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.


Ku vy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo vy’ibigirwamana, turazi yuko twese turi n’ubgenge. Ubgenge burakakīsha, arik’ urukundo rurubaka.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo,


Nacitse umukozi wabgo, nk’ukw ingabire y’ubuntu bg’Imana iri, ubgo nahawe, nk’uk’ ubushobozi bgayo bukora.


kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo:


Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo;


Kand’ ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose,


kand’ atifatanya na wa Mutwe, kuri wo umubiri wawo wose, ufashijwe n’ingingo n’imitsi, ugateranywa neza na vyo, ni ho uronka gukura kwawo gutangwa n’Imana.


kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge:


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ ūguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ