Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:12
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


kuko yari yaharūwe muri twebge, agahabga umugabane w’iki gikorwa.


gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’ umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese n’urugingo rwa mugenzi we.


canke namba twarahawe igikorwa co mw ishengero, tugishishikare; cank’ uwigisha ashishikarire kwigisha;


Nuko dukurikire ivy’ amahoro n’ivyo gukomezanya:


Bene Data, nanje nyene ndazi ivyanyu ntakekeranya, yuko mwuzuye ineza, mwuzuye ubgenge bgose, mushobora no guhanūrana.


Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe.


Kandi ndazi yukw aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye.


Namwe mur’ umubiri wa Kristo, kand’ umuntu wese wo muri mwebge n’urugingo rwawo.


Yamara, umuntu wese ahabga ikimwerekanako Mpwemu, kugira ngo bigire ikimazi.


Namwe n’uko, kuko mwifuza ivya Mpwemu, kuremesha ishengero kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza.


Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, arik’ ubgenge bganje buragumbaha.


Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’ amajambo yo kwigisha, cank’ amajambo ahishuriwe, cank’ ururimi rutamenyekana, cank’ amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw abantu bakomezwe.


Uhereye kera mwiyumvira yuko tubiregurako. Imbere y’Imana no muri Kristo ni ho tuvugira. Ariko yemwe abo nkunda, vyose tubivugiye kubakomeza.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi: kand’ ico dusaba ngiki, n’uko mutunganywa rwose.


None ko vyabaye birtyo, ubugabuzi buganzwa na Mpwemu ntiburushiriza cane kuzanana n’ubgiza?


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,


Kandi ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, kugira ngo kugabura ivy’ Imana kwacu ntikugawe.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


ni ryo mubiri wiwe, unengesereye ūnengesera vyose hose.


umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.


Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.


Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu.


None nnezererewe amagorwa yanje yo kubganyu, kand’ ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubg’ umubiri wiwe, ni wo shengero,


Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo:


Kandi muze mubarire Arukipo, mut’ Urābe igikorwa c’ubusuku wahawe mu Mwami wacu, ucuzuze.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


Luka gusa ni we twasigaranye. Hitana Mariko, umuzane, kukw angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje.


Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.


Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ