Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:11
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega har’ igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.


mbahe abungere bameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, bazobaragirana ubgenge no gutahura.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


canke namba twarahawe igikorwa co mw ishengero, tugishishikare; cank’ uwigisha ashishikarire kwigisha;


Yamara harih’ ingabire z’uburyo bginshi, ariko Mpwemu n’umwe.


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:


Ni co gituma ivuga, iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, Agabira abantu ingabire.


Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.


Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye.


Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ